Indege ya EgyptAir yaburiwe irengero

EgyptAir Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indege ya EgyptyAir yaburiwe irengero irimwo abantu 56 n'abakozi cumi ivuye mu gisagara ca Paris

Indege imwe y'ishirahamwe rya Misri, EgyptAir, yariko irava ku mugwa mukuru w'Ubufaransa yerekeza i Cairo mu Misri, babuze irengero ryayo ku vyuma bijejwe kuriyobora(Radars).

Abategetsi baraba ingendo z'indegebavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320, ikaba yarimwo abantu 56 hamwe n'abakozi 10.

Iryo shirahamwe rivuga ko iyo ndege yaburiwe irengero mu karere ko mu buseruko bw'ibahari Mediterrane, ku birometero 16 mu mazi uvuye mu Misri.

Uwufise ububasha kw’isanamu FLIGHTRADAR24
Image caption Iyo ndege yaburiwe irengero mu buseruko bw'ibahari Mediterranee

Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko hari ikirere kibi.

Igihugu ca Misri catumye indege z'intambara kurondera iyo ndege bakaba bariko barafashanya n'igihugu c'ubugiriki.