FC Seville yatwaye igikombe ca Europa League

Europa League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa FC Seville ni wo watwaye igikombe ca Europa League

Umugwi wa FC Seville wo muri Espagne ni wo watahukanye igikombe ca Europa League utsinze Liverpool yo mu Bwongereza ibitego 3-1.

Liverpool batanguye bakina neza mu gutsinda mu gice va mbere, ariko FC Sville mu nyuma bacishuye mbere bongeramwo n'ibindi bitego bibiri.

Iyo ntsinzi yerekana ko imigwi yo mu gihugu ca Espagne ari yo izotwara ibikombe mu mahiganwa akomeye uyu mwaka.

Urukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo i Buraya ruzokinwa kw'itariki 28 ukwezi kwa gatanu hagati ya Real Madrid na Atletico Madrid.