Tanzania irarondera abishe abantu mu musigiti

Aba Islam mu masengesho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipolisi ca Tanzania kiriko kirarondera abishe abantu mu musigiti umwe mu gisagara ca Mwanza

Igipolisi ca Tanzania bahagaritse abantu batatu bagirizwa kugira uruhara mu gitero mu musigiti umwe wo mu gisagara ca Mwanza mu burengero bw'ico gihugu.

Abantu batatu harimwo Imam, baciye bitaba Imana muri ico gitero cabaye mu musigiti wa Rahman mu gihe co gusenga mw'ijoro ryo ku wa gatanu.

Inkuru z'umukuru w'igipolisi muri ico gisagara, Ahmed Msangi, avuga ko amatohoza yerekana ko ubwo bwicanyi bwakoreshejwe imipanga, yongerako ko, igipoli kikirondera kumenya icabiteye.

Bamwe mubabonye ivyabaye, ico gitero cakozwe n'abantu batari musi ya 15.

Nta n'umwe ariyemerera ko ari we yakoze ico gitero.

Ikindi gitero c'ubwicanyi cabaye mu karere ka Mkuranga aho umupolisi azwi kw'izina Sergent Kinyogoli yishwe n'abantu bataramenyekana.

Ubwo bwicanyi bwose bwabaye muri iyi ndwi, aho hamenyekana inkuru kuri twitter ko hari umugwi wiyita ko ukurikirana imbuga ngurukanabumenyi ya Islamic State, bagira imyimenyerezo mu karere ka Tanga, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Tanzania.