Umwigeme wa kabiri wa Chibok yabohojwe

Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abigeme barenga amajana abiri bandi ntawuramenya irengero ryabo

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko uwundi mwigeme yari yafashwe ingwati n'abagwanyi ba Boko Haram mu myaka ibiri iheze kw'ishure rya Chibok, yabohojwe.

Umuvugizi w'igisirikare, Col S K Usman nta vyinshi yavuze ku kungene uyo mukobwa atavuzwe izina yabohojwe, ariko ko aza kugira ico abivuzeko hanyuma.

Ku musi wa kane, uwundi mukobwa w'imyaka 19 yashoboye gutoroka ikambi ya Boko Haram, Amina Ali Nkeki, yarajanywe mu gisagara gikuru ca Abuja afise n'umwana wiwe yavyaye yaranyurujwe, kugira abonane na prezida

Abandi bigeme barenga amajana abiri ntibaraboneka irengero ryabo.