Ubushuhe butari bwigere buboneka mu Buhinde

India Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibiro bijejwe ikirere vyari bimaze imisi bigabishije ko hazoba ubushuhe burenze urugero

Intara ya Rajasthan yo mu Buhinde yashikanye ubushuhe bupima 51C , butari bwigere buboneka, nk'uko bivugwa n'ibiro bijejwe kugenzura ikirere.

Ubwo bushuhe burenze urugero mu bugaragwa bwa Phalodi bushitse mu gihe Ubuhinde bwose bushushe.

Ubushuhe bwinshi bwaheruka bwageze kuri 50.6C mu mwaka wa 1956.

Ubwo bushuhe bwabangamiye cane uburaruko bw'Ubuhinde, aho ubushuhe bwarenze ibipimo 40C indwi zitari nke.

Igihe nk'iki misi yose mu Buhinde cama kirangwa indwi nyinshi z'izuba n'iyongerekana ry'ubushuhe, ariko ko ubushuhe bugeramira abantu bushika ku bipimo 50c ntibisanzwe.

Murari Lal Thanvi, yibereye we nyene aho Phalodi, yabwiye BBC ko vyamunaniye kuguma hanze kuri uyu wa gatanu.

"Na telefone yanje ngendanwa yanse gukora irahagarara igihe nariko ndagerageza gufata ifoto," ni ko yavuze.

"Nashobiye gusubirwa kwatsa telefone yanje mbanje kuyishirako impuzu ikanye iminota iri hagati ya 20-25."

Ibiro bijejwe ikirere vyari vyagabishije " ko hagiye gushuha cane" mu gice kinini c'uburaruko bw'Ubuhinde no mu ntara zo mu burengero mu mpera z'iyinga.

Ubuhinde buvuga ko hazoba ubushuhe bwinshi iyo bushobora gushika ku bipimo 45C, canke hiyongereyeko ibindi bipimo 5 muri ako karere mu myaka yashize.