Amasasu mu micungararo ya White House

Hafi ya White House Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Amasasu yumvikanye mu burengero bwa White House

Amakuru aturuka Washington avugwa ko ikibanza c'inyubakwa y'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa leta zunze Ubumwe za Amerika White House cazingirikiwe hamaze kumvikana urwamwo rw'inkoho rwaturutseyo.

Amakuru aturuka mu gice kiri hafi ya White House, avuga ko naho nyene bariyo bugaranye badashbora kuvamwo.

Amakuru aturuka Washington avuga ko perezida Barack Obama yari asanzwe atari muri White House ico gihe, aho bivugwa ko yari mu kigo ca gisirikare ca Andrews gukina Golf.

Kare haboneka indege za kajugujugu zizunguruka muri ico kirere, kandi igipolisi cavuze ko hari umuntu umwe yafashwe.

Hari kandi uwajanywe kwa muganga, yakometetse cane.