Obama: Vietnam ubu ishobora kuronka ibirwanisho

Hanoi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Obama yakuye ibihano kuri Vietnam vyo kutagura ibirwanisho

Prezida Barck Oboma yamenyesheje ko akuye ibihano vyo kutagura ibirwanisho kuri Vietnam.

Avugira mu rugendo arimwo muri ico gihugu c'abacoministe no mu biganiro yagiranye n'abategetsi b'ico gihugu, prezida Obama yavuze ko iyo ngingo igamije gukuraho icuka co kurabana ribi.

Amerika iriko iragerageza gusubiza itoto imigenderanire ifitaniye n'ibihugu vyo mu karere ka Pacifique, mu gihe Ubushinwa buvuga ko buhafise agataka.

Ariko prezida Obama yavuze ko gukura ivyo bihana ata co bipfana na politike y'ico gihugu ku nyifato y'Ubushinwa.

"Bishingiye ku cipfuzo cacu co guheraheza umugambi muremure wo gusubiza itoto imigenderanire dufitaniye na Vietnam," uko ni ko yavuze i Hanoi.

Vietnam ni kimwe mu bihugu vyinshi vyo muri ako karere bifitaniye amatati n'Ubushinwa afatiye ku karere kamazi ivyo bihugu vyiyitirira.

Amerika iguma ivuga ko hategerezwa kuba umwidegemvyo wo kuja mw'ibahari yo mu bumanuko bw'Ubushinwa.

Mu 2014, Ubushinwa bwarimvye ibitoro hagufi y'iryo zinga bituma haba gutana mu mitwe na Vietnam, n'imyiyerekano yo kwiyamiriza ico gihugu muri Vietnam.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyari vyamenyesheje ko ibihano vyo kubuza ico gihugu kugura ibirwanisho, vyashizweho kuva mu 1984, bishobora kuvaho mu gihe gusa hokubahirizwa agateka ka zina muntu muri Vietnam.