Abantu 3 bishwe abandi benshi barakomereka muri Kenya

Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapfasoni bariko bariyoza mu maso inyuma yo guterwa ivyuka bikoroza amosozi

Umuntu umwe yishwe abandi benshi barakomerekera mu myiyerekano yateguwe n'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta muri Kenya CORD mu bisagara binini vy'ico gihugu yo kwiyamiriza akanama kajejwe gutegura amatora.

Inkuru ziva mu bitaro vy'i Mombasa ziremeza ko hari umuntu umwe yazanywe yapfuye ariko ko ata ruguma yari afise n'aho abatavuga rumwe na reta bavuga ko yarashwe n'igipolisi.

I Kakamega, igipolisi catanye mu mitwe n'abari mu myiyerekano inyuma yo guhagarika umukenguzamateka wo muri ako karere, mu gihe i Mombasa, mu buseruko bwa Kenya, carashe ivyuka bikoroza amosozi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu gisagara ca Mombasa, igipolisi cateye abari mu myiyerekano ivyuka bikoroza amosozi

Abarongoye urunani CORD bavuga ko abakozi b'ako kanama badashobora gutunganya amatora ata ho yegamiye mu mwaka uza.

Abapolisi bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi n'indembo mu kubashwiragiza nk'uko vyagenze ku wa mbere w'indwi iheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bavuga ko igipolisi gikoresha inguvu zirenze urugero

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bavuga ko igipolisi cakoresheje inguvu zirenze urugero muri iyo myiyerekano.

Umuntu yavuganye n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters yavuze ko igipolisi kijejwe kurwanya akajagari cari cuzuye mu mabarabara y'ico gisagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hakoreshejwe n'amazi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano

Amaduka menshi arugaye kubera ubwoba ko hohava haduka akajagari bigatuma haba ubusuma.