Ibitero vya bombe mu karere kari mu minwe ya Assad

Bashar al-Assad Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Bashar al-Assad wa Syria

Abantu boba bashika 78 biciwe mu bitero vya bombe bitandukanye mu bibanza bibiri bikomeye biri mu minwe ya reta ku nkengera y'ikiyaga Mediterrane, nk'uko bishikirizwa n'ikinyamakuru ca reta.

Umwiyahuzi n'imodoka itezemwo ibombe vyaturikiye rimwe ku gituro c'imodoka zunguruza abantu mu gisagara kiri ku kivuko ca Tartous.

Aho amamodoka ahagarara hamwe n'ibitaro biri muvyagizweko ibitero i Jableh, igisagara kiri mu buraruko.

Itororokanirizo ry'amakuru rifitaniye ubucuti na Islamic State ryavuze ko abarwanyi b'uwo muhari ari bo bari inyuma y'ivyo bitero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwiyahuzi n'imodoka itezemwo bombe vyaturikiye rimwe mu kibanza gihagararamwo imodoka z'unguruza abantu mu gisagara ca Tartous

Amaq isubiramwo inkuru yakuye muri IS, yavuze ko abagwanyi babo bateye " ahakoraniye aba Alawites", bashaka kuvuga idini ry'aba shia prezida Bashar Al-Assad na we nyene arimwo.

Uburusiya , buri mu ruhande rwa Assad, bufise ubwato bw'intambara i Tartous hamwe n'indege z'intambara hagufi ya Jableh, aho buhaguruka bugiye kugira ibitero ku muhari wa IS mu gihugu ca Syria cose.