Ubushikirizamanza bugiye kwunguruza urubanza rwa Zuma

Prezida Jacob Zuma
Image caption Prezida Zuma yagiriza ibiturire no gukoresha nabi amahera ya reta

Ubushikirizamanza bwo mu gihugu ca Afrika y'epfo buvuga ko bugiye kwunguruza ku ngingo ya sentare iherutse gufata yo gusubiramwo urubanza rwerekeye igiturire cagirizwa prezida Jacob Zuma.

Mu ntango, ivyaha 783 vyarateshejwe agaciro imbere y'indwi zike ngo habe amatora yo mu 2009 yatumye Zuma aba prezida.

Ariko mu kwezi guheze, umucamanza wo muri sentare nkuru yavuze ko iyo ngingo ata ho ifatiye.

Zuma yagumye ahakana ivyo yagirizwa bifitaniye isano n'amasezerano y'igurishwa ry'ibirwanisho biciye imiriyaridi n'imiriyaridi y'amadolali mu 1999.

Mu kwezi kwa kane, umucamanza yari arongoye akanama kajejwe amatohoza yasanze atacerekana ko habaye ukurya igiturire canke ubusuma bw'umutegetsi uwo ari we wese muri ico gihe haba ayo masezerano.

Inyuma y'aho urwo rubanza ruzaniwe na Democratic Alliance(DA), umucamanza Aubrey Ledwaba yavuze mu kwezi guheze ko ubushikirizamanza bwokwihweza uko hosubiramwo urwo rubanza.