Barcelone yatwaye igikombe citiriwe umwami

Barcelone
Image caption Umugwi wa barcolone waraye utahukanye igikombe citiriwe umwami ku ncuro ya 28

Umugwi wa Barcelone watwaye igikombe citiriwe umwami wa Espagne, kizwi kw'izi rya Copa del Rey mu rukino rwa nyuma rugira urwa 114, batsinze Seville 2-0

Abakinyi Jordi Abba na Neymar ni bo batumye Barcelone itahukana ico gikombe mu rukino rwa nyuma rwabereye mu gisagara ca Madrid, ku kibuga ca Atletico Madrid ca Estadio Vicente Calderon.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi wa Barcelone watsinze FC Seville ibitego 2-0 mu rukino rwa nyuma

Uru ni urukino rwa nyuma rugira 37 kuri uwo mugwi umaze gutwara ico gikombe incuro 28.

Mu mwaka uheze, umugwi wa Barcelone watwaye ico gikombe utsinze Atletico Bilbao ibitego 3-1