Erythree irahimbaza imyaka 25 yikukiye

Iyi ndwi ihuriranye n'imyaka 25 igihugu ca Erythrée kironse ubwigenge ciyonkoye kuri Ethiopia, mu ntambara yamaze imyaka irenga mirongo ibiri. Amashirahamwe aharanira aharanira agateka ka zina muntu aranebagura inyifato y'ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika kubera ata Demokrasi iharangwa, ukwishira n'ukwizana kw'ibimenyeshamakuru hamwena politike yo kubuza abantu kwishira no kwizana. Ariko reta ya Erythree yateguye ibirori vy'igitangaza.

Image caption Ibimodoka bitamenwa vyaguye indese n'izindi za gisirikare Erythree yatse Ethiopia mu ntambara

Umurongo muremure w'ibimodoka bitamenwa vyaguye indese hamwe n'imodoka za gisirikare vya Ethiopia, vyafatiwe ku rugamba, ni vyo vyuzuye ku kibuga kiri inyuma y'igisagara. Abagwanyi ba Erythree barwanye n'igisirikare gikomeye cane kandi gifise ibikoresho bigezweho.

Image caption Abapfasoni ibihumbi n'ibihumbi bajana ku rugamba n'abagabo

Muri ivyo birori ku mugwa mukuru wa Asmara, abantu basubiramwo ibihe bikomakomeye vy'iyo ntambara. Abapfasoni ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye Erythree baragiye muri iyo ntambara yo kwikukira bari kumwe n'abagabo, bakaba barenga ica kane c'abasirikare bari ku rugamba intambara igiye kurangira. Igihe abapfasoni baba bagiye kurugamba, baca babamwa imishatsi hagasigara iyisanzwe.

Image caption Abapfasoni ku rugamba mu Erythree

Abana bavuka ku bapfasoni b'abasirikare bari bazwi kw'izina rya "Red Flowers" (Amashurwe atukura). Abantu bambwiye ko uwo mwana yaca yakwa abavyeyi akaja kureregwa hamwe n'abandi, kugira abavyeyi biwe babandanye urugamba.

Image caption Inyubakwa zose zirashajije

Inyubakwa nyinshi hirya no hino mu gihugu zasharijwe mu kwigina uwo musi wo kwikukira.

Image caption Isutiye ibaririjwe intoke

Mu bintu berekana biranga iyo ntambara, iyi sutiye n'imwe mu biriko birerekanwa. Yabaririjwe n'intoke ivuye mu bipande vy'impuzu, ni akarorero k'ingene abagwanyi ba Erythree bikorera ibintu, uravye uburyo buke bari bafise.

Image caption Imwe mu nzira bakoresha mu kwica inda, kwari ugushira impuzu musi y'utubuye

Iruhande y'iyo sutiye, hari ipataro na yo nyene yerekanwa. Imwe mu nzira yakoreshwa mu kwica inda, yakoreshwa cane mu basirikare, kwari ukuzika impuzu musi y'utubuye dutoto, nk'uko umwe mubarwanye iyo ntambara yabimbariye. Y6avuze ko isabune zari zike cane kuburyo hariho igihano kidasanzwe ku muntu atakaje isabune.

Image caption Ibirato bikozwe mw'ikarato n'imigozi y'iserumu

Igihe abanye Erythree bakomeretse bavuye mu bitaro basubiye ku rugamba, nta birato baba bafise. Abaganga mu bitaro biri mu kuzimu (Underground) barakora ibirato bakoresheje ibikarato hamwe n'imigozi ya serumu.

Image caption Amafoto y'abamaratiri 267 bishwe mu misi itanu mu gitero ca nyuma c'i Asmara

Iki giti kiriko amafoto y'abamaratiri 267 bishwe mu kiringo c'imisi itanu gusa igihe abarwanyi bagira igitero simusiga ku mugwa mukuru Asmara mu 1991.

Mu 1998, intambara yarasubiye kwaduka hagati ya Erythree na Ethiopia. Abantu ibihumbi n'ibihumbi baricwa ku mpande zose mu ntamabara yamaze imyaka ibiri bapfa ururbibe, n'ubu ata nyishu iraboneka.

Image caption Asmara hari isoko risubiramwo ivyuma bishaje rigakoramwo ibintu vya nkenerwa

Igihugu ca Erythree kirashimishwa cane n'ubwigenge bwaco kikaba gifise n'isoko idasanzwe i Asmara aho ubutare bukorwamwo ibindi bintu. Ibibido bishaje vy'amavuta babikoramwo amasahani. Barakuramwo ibisokozo, ivyo bafatisha imishatsi, imisaraba, imireko hamwe n'ibindi.

Image caption Umusore ahagaze ku muryango wvuye muri ivyo vyuma

Uyu musore ahagaze ku muryango wakozwe muri ubwo buryo. Benshi mu bagabo muri iryo soko bavuga ko bari mu gikorwa co kwitangira igihugu, bamwe, inyuma y'imyaka cumi, bakora muri iyo soko kugira baronke uduhera two gusahiriza ayo baronse mu gisirikare.

Image caption Amabarabara yashizweko amatara adasanzwe

Ibarabara rikuru rica mu gisagara ca Asmara ryasharijwe n'amatara adasanzwe kubera uwo musi. N'aho Erythee izwi nk'ikibanza abantu benshi bahunga, abantu ibihumbi n'ibihumbi baba mu bindi bihugu baje kwigina uwo musi mukuru.

Image caption Inyubakwa n'imodoka vyo muri Erythree ni ivyakera cane

Kuri bamwe, igihugu ca Erythree nta ntambwe kiratera. Inyubakwa nyinshi ni iza kera nko mu myaka ya 1930 igihe cari kigitwarwa n'Ubutaliano. Zimwe mu modoka ni iza kera caane kandi zo mu Butaliyano nyene.

Image caption Abantu baje kwigina ivyo birori

N'aho ivyo birori vyo kwigina isabukuru ry'imyaka 25 ari akanya k'akanyamuneza kubanye Erythree, buri musi, ubuzima ntibworoshe kuri benshi muri bo. Intambara na Ethiopia, ibihantu no guharigwa ivomo n'amakungu vyarashegeshe ico gihugu. Ariko ibintu bitanguye guhinduka.

Igihugu ca Erythree gitanguye kwuguruka, n'aho ari gahoro gahoro. Gitanguye kurondera incuti na cane canemu bihugu vy'abarabu. Kandi abanyamahanga bazana imitahe bariko bariyongera, na cane cane mu butare.

Image caption Onu ivuga ko abakiri bato 5,000 ari bo bahunga Erythree buri kwezi

N'aho biri uko, Onu ivuga ko abantu bashika 5,000 b'abanye Erythree bahunga ico gihugu buri kwezi, benshi muri bo bakaba ari abakiri bato.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Erythree ni co gihugu ca mbere muri afrika abantu baco bahungira i Buraya

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya rivuga ko abanye Erythree baza mu bihugu bigize iryo shirahamwe kurusha abandi bava mu bindi bihugu vya Afrika, benshi imyaka n'imyaka bamaze badafise uburenganzira bwo gucaruka, n'aho abategetsi ba Erythree babihakana.