Ibiganiro bihuza abarundi vyabera Arusha vyarangiye

Arusha
Image caption Abashikiranganji Alain Nyamitwe na Pascal Barandagiye bari baserukiye reta mu biganiro vyabera Arusha

Ibiganiro bihuza abarundi i Arusha mu gihugu ca Tanzania vyarangiye kuri uyu wa kabiri.

Kuva kw'itariki 21 ukwezi kwa gatanu, umuhuza muri ivyo biganiro yari amaze imisi agiriranira imibonano n'imigwi itandukanye yavyitavye.

Abitavye ibiganiro bose barashima ko vyatanguye.

Abatavuga rumwe na reta, bipfuza ko n'iyindi migwi yotumigwa.

Uwahoze arongoye Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya, yavuze ko yiteze ko mu biganiro bizokurikira hazotumigwa urunani rw'imigambwe rutavuga rumwe na reta ruharanira ukwubahirizwa amasezerano ya Arusha hamwe n'amashirahamwe atavuga rumwe na reta.

Ku ruhande rwa reta baracanana kw'icarana n'abo bagiriza ko bateguye imigumuko no kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatu umwaka uheze.

Umuhuza Benjamin Mkapa avuga ko yashimye uko impande zose zibona ikibazo kiri mu Burundi, kandi ko bose boipfuza amahoro.

Avuga ko agiye gukora uko ashoboye ngo abonane n'imigwi itandukanye ititavye ivyo biganiro kandi yari yatumiwe mu ndwi zibiri ziri imbere.

Ibiganiro bizosubira kuba mu mpera z'ukwezi kw'indwi.