Ubwicanyi ku banyafrika bari i Dehli

Abanywanyi b' umuryango w'abanyeshure b'Abanyafrika bafashe icapa mu myiyerekano yabereye Hyderabad mu kwa 2, 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyeshure b'Abanyafrika baridoga ko bicwa bahorwa urwanko rufatiye ku rukoba mu Buhinde

Umurwi w'abaserukira ibihugu vyabo vyo ku mugabane wa Afrika i Delhi mu Buhinde, basavye ico gihugu kwigizayo ibirori murikiramuco vyari bitegekanijwe kuri uyu wa kane, kubera urupfu rw'umunyeshure w'umunyekongo yiciwe muri uwo muji wa Dhli mu ndwi iheze.

Masunda Kitada Oliver yicishijwe amabuye n'umurwi w'abantu ku munsi wa gatanu uheze , azira ko bateranye amajambo

Abantu babiri baramaze gutabwa muri yompi kubera ubwo bwicanyi.

Abaserukira ibihugu vyo muri Afrika aho mu Buhinde bavuze ko batifuza kwitabira ibirori murikiramuco biteganijwe kuri uyu wa kane, kubera abanyeshure baturuka mu bihugu vya Afrika bakomeje kwicwa.

Bavuzeko badashobora kwitabira ivyo birori bigenewe umuco nyafrika kuko Abanyafrika, harimwo abanyeshure, bari mu kigandaro.

Ngo bagandariye bagenzi babo bagiye bicwa muri iyi myaka ishize, barimwo n'uyo Oliver, nk'uko vyashikirijwe na Alem Tsehage Woldemariam, aserukira abandi bahagarrariye ibihugu vya Afrika.

Ikigo c' inama y'Ubuhinde ijejwe imigenderanire mu muco, cari categanije kuri uyu wa kane, ibirori murikiramuco nyafrika, birimwo kurata ibifungurwa, abanditsi b'abanyafrika n' ibindi.

Abicishije ku rubuga rwa twitter, umushikiranganji w' imigenderanire w' Ubuhinde Sushma Swaraj, yiyemeje ko umutekano w' abanyeshure b'abanyafrika ugiye gukingirwa.

Mu kwezi kw akabiri, hari uwundi munyeshure aturuka muri Tanzania yakubiswe akurwako izo yambaye mu bumanuko mu muji wa Bangalore bw'ico gihugu