Ugufatwa ku nguvu kwahagurukije reta ya Brezil

Rio de Janeiro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abigeme barafatanye mu nda mu kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ifatwa ku nguvu mw'ijoro ryo ku wa gatanu

Prezida w'imfatakibanza wa Brezil, Michel Temer yahamagaje inama y'abashikiranganji yihuta yerekeye umutekano mu gihe hari ukwiyamiriza bikomeye ry'umugwi w'abagizi ba nabi bafashe ku nguvu umwigeme i Rio de Janeiro.

Yiyemeje gushiraho igipolisi kirwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Uwo mwigeme w'imyaka 16, yemeza ko yahawe ibiyayuramutwe yagiye kuramutsa umuhungu bakundana ku musi wa gatandatu uheze, kandi ko yikanguye ari mu yindi nzu, akikijwe n'abagabo 30.

Abantu amajana n'amajana barihereje amabarabara ku musi wa gatanu basaba ko ifatwa ku nguvu ry'abakenyezi rihagarara.

Amasanamu y'iryo fatwa ku nguvu yarashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi, bibabaza Brezil yose.

Igipolisi kiriko kirarondera abantu barenga 30 bakekwa gukora iryo bara.

Imitahe yo kubahagarika yarasohotse harimwo n'uwuwo muhungu bakundana.

"Ndateye ivyatsi ifatwa ku nguvu ry'uwo mwigeme i Rio de Janeiro," ni ko Temer yavuze.

"Ntivyumvikana ingene mu kinjana ca 21 dushobora kubona ivyaha vy'ubunyamaswa nk'ibi."

Yavuze ko abategetsi bariko barakora kugira "bafate ababifisemwo uruhara".

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Icapa canditse mu giportugal kivuga ngo " Twese turiko turava amaraso"

Umukuru w'igipolisi c'i Rio de Janeiro, Fernando Veloso, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakru ko abagira amatohoza bazosubiramwo kwihweza neza ibipimo vyo kwa muganga.

"Iyo ayo masanamu atashirwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ndakeka ko tutaba turi ngaha muri kino gihe," uko ni ko yavuze, yongerako ko abenshi bafatwa ku nguvu ntibimenyekane.

Bivugwa ko uko gufatwa ku nguvu kwabereye mu karere kabamwo abantu bakenye mu burengero bw'igisagara ca Rio de Janeiro mu mpera z'indwi iheze.