Kwamamaza ibifasha kuvyara ku rugero birabujijwe muri Pakistan

Pakistan
Image caption Itangazo ryo kwamamaza udukingirizo ryarabujijwe muri Pakistan mu mwaka uheze

Ubutegetsi bw'igihugu ca Pakistan bwabujije amatangazo y'ibikoresho bifasha mu kuvyara ku rugero

Akanama kajejwe kwihweza amatangazo aca ku maradio na television kasavye ibimenyeshamakuru gukuraho ayo matangazo kubera imyidogo y'abanyagihugu, ko batuma abana bashaka kumenya cane ivyerekeye ivyo bintu.

Mu mwaka uheze, itangazo rimwe ryerekeye agakingirizo ryarabujijwe bavuga ko atari ryiza, mu gihe amatangazo y'ibinini vyo kuvyara ku rugero ari ibisanzwe muri icyo gihugu rigendera ku mico n'imigenzo vya kera.

Pakistan ni igihugu kigira gatandatu gifise abantu benshi kw'isi.

Onu ivuga ko ica gatatu c'abanyagihugu ba Pakistan batazi ivyerekeye umugambi wo kuvyara ku rugero.