Yahevye akazi yemera kwubakana n'uwo basangiye igitsina

Mpho Tutu-van Furth n'umukunzi wiwe
Image caption Mpho Tutu-van Furth yahevye akazi kishengero yubakana n'uwo basangiye igitsina

Umukobwa wa musenyeri w'ishengero rya Anglikani ubu ari mu karuhuko k'iza bukuru, Desmond Tutu, yategetswe guhagarika akazi kiwe ko kuvuga ubutumwa muri iryo shengero.

Ivyo ni inyuma yo kwubakana n'uwundi mukobwa biteye kubiri n'amategeko y'iryo shengero.

Mpho Tutu-van Furth ubu yatswe amabanga yose yo gusoma misa z'iryo shengero kuko ritemera ukwubakana kw'abantu babiri basangiye igitsina.

Idini rya Anglikani mu gihugu ca Afrika y'epfo ziriyamiriza ryivuye inyuma abubakana basangiye igitsina, n'aho uburenganzira bwo kubikora buhari haraciye imyaka cumi.

Inyuma y'aho umukobwa wa musenyeri wa Anglicani mu gihugu ca Afrika y'epfo, Desmond Tutu, afatiye ingingo yo kwubakana n'uwundi mukobwa, vyabaye ngombwa ko yakwa amabanga yari afise y'ubuvuga butumwa.

Ubu Mpho Tutu-Van Furth, ntazosubira gukora akazi yahorana ko mw'ishengero, kurongora amasengesho y'abitavye Imana, gufasha kwakira ikaramentu ryeranda no kuraganisha abageni.

Ivyo umupfasoni Tutu yabivuze mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry'amakuru yahaye AP.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Musenyeri Desmond Tutu ubu ari mu karuhuko k'izabukuru

Se wiwe, musenyeri Desmond Tutu, yababajwe n'iyo nkuru n'aho itamutangaje cane.

Umupfasoni Tutu aremera ku mugaragaro ko ishengero rya Anglikani muri Afrika y'epfo ryemera ko hubakana umugabo n'umugore.

Abo bageni bashasha Mpho na Marceline Tutu-van Furth bari mw'izinga rya Bali muri Indonesia.

Umwe wese afise abana bo k'ubo bari bubakanye ubwa mbere.

Tutu yigeze kuvuga ko ashigikiye abubakana basangiye igitsina.