Yariwe n'inzoka ku gihimba c'irondoka muri Thailand

Attaporn Boonmakchuay Uwufise ububasha kw’isanamu AP/BBTV CH7
Image caption Abaganga bavuga ko n'aho yavuye amaraso menshi Attaporn Boonmakchuay ameze neza

Umuntu umwe wo muri Thailand ariko avugwa igikomere mu bitaro inyuma yo kuribwa n'isato iturumbutse mu kazu ka surwumwe imukomeretsa ku gihimba c'irondoka.

Attaporn Boonmakchuay, yavuye amaraso menshi, avuga ko iyo nzoka yaguma imukwega igihe we n'umugore wiwe bariko baragerageza kuyikubita.

Abaganga bavuga ko Attaporn, n'aho yavuye amaraso menshi ameze neza kandi abandanya gufata imiti.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP/BBTV CH7
Image caption Iyo nzoka yari yiciriye inzira ahasanzwe haca amazi

Vyabaye ngombwa ko ako kazu kasugumwe kabomorwa hanyuma iyo nzoka na yo bayirekurira mw'ishamba.

Ivyo vyashitse mu gihe Attaporn w'imyaka 38 yaja kwihagarika mu kazu kasurwumwe muhira iwe i Chachoengsao, mu buseruko bwa Bangkok imbere y'uko aja ku kazi ku musi wa gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP/BBTV CH7
Image caption Iyo nzoka yaciye irekurirwa mw'ishamba

Akiriko arihagarika, yagiye yumva ububabare burenze urugero.

"Numvise umenga igihimba c'irondoka canje baragikase, iyo nzoka yaguma inkwega ikoresheje inguvu nyinshi", ni ko yavuze.