Abimukira700 bamaze gutwarwa mu misi itatu

Migrants Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ku musi wa gatanu w'indwi iheze harokowe abimukira 13,000

Onu ivuga ko abimukira boba bashika 700 boba baritavye imana mu kiringo c'imisi itatu iheze mu kiyaga Mediterrane.

Umuvugizi w'ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi, HCR, Carlotta Sami, yavuze ko ubwato bwinshi bwatwawe mu bumanuko bw'Ubutaliano ku musi wa gatatu mw'ijoro, harimwo abo bimukira.

Abimukira batabawe ku musi wa gatanu uheze mu bwato bumwe mu kiyaga Medirrane, babwiye abakozi bo mu mugwi utabara ko, babonye ubwato bumwe bwuzuye abimukira buriko buratwarwa.

Ishirahamwe rijejwe gutabara Save the Children, ryabwiye BBC ko abo bacitse kw'icumu baguye mu murongo w'amato atatu ku musi wa gatatu mw'ijoro, ava mu gihugu ca Libya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu boba bashika 700 ni bo boba baratwawe mu misi itatu iheze

Abategetsi b'igipolisi c'Ubutaliano bavuga ko babajije abo barokotse bashitse mu gisagara ca c Sicile ejo ku wa gatandatu.

Ku waganu gusa w'indwi iheze, abarenga 13,000 baratabawe mu kiyaga ca Mediterrane.