Imigenderanire ya Uganda na Korea ya ruguru ishobora guhagarara

Yoweri Museveni
Image caption Igihugu ca Uganda kigiye guhagarika imigenderanire cari gifitaniye na Korea ya ruguru

Inyuma y'urugendo rwa prezida wa Korea y'epfo Park Geun-hye muri Uganda, ico gihugu camenyesheje ko kigiye guhagarika imigenderanire gifitaniye na Korea ya ruguru, mu gushira mu ngiro ibihano vya Onu.

Bimwe mu bihugu vya Afrika vyagumye bifitaniye imigenderanire n'ico gihugu n'aho cafatiwe ibihano n'amakungu.

Prezida wa Korea y'epfo akaba yashitse muri Uganda avuye mu gihugu ca Ethiopia, bikaba bitegekanijwe ko abandaniriza urugendo rwiwe muri Kenya.

Igihugu ca Kenya kigeze kuba kinganya ubutunzi na Korea mu myaka ya 1963, ariko ubu Korea y'epfo iri mu kibanza ca 14 kw'isi mu butunzi.

Prezida Park Geun-hye yarasangiye n'abategetsi bakuru bareta hamwe n'abagwizatunga b'ico gihugu ca Uganda.

Mu myaka ibiri iheze, Kim Yong Nam, umutegetsi yoba agira kabiri ku mukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru yari yakiriwe nk'uko nyene.

Ubu Uganda yari imaze imyaka myinshi bafitaniye imigenderanire myiza n'ico gihugu kigendera ku ntwaro ya gikominita, ihisemwo kuvavanura na co.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un

Impamvu itangwa ngo n'ibihano gifatirwa biguma vyiyongera.

Imigenderanire hagati ya Korea y'epfo na Uganda isa n'iyishimikiye cane ku budandaji.

Kompanyi ya Korea y'epfo n'iyo Uburusiya biriko birahiganwa mu kuronswa isoko ryo kwubaka ikibanza co guhinguriramwo ibitoro.

Ayo mareta abiri yashize umukono ku masezerano atari make yerekeye ukwivuna abansi, amagara y'abantu n'ayandi yo gufashanya muri urwo rugendo.