Prezida wa Turkia asaba kutagabanya imvyaro

Reccep Tayyip Erdogan Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Erdogan ahanura kudakoresha ibintu bituma abapfasoni bavyara ku rugero

Prezida wa Turkia Reccep Tayyip Erdogan yasavye aba Islam kureka gukoresha ibintu bituma bagabanya imvyaro kugira ngo baronke abana benshi.

Mu nkuru yaciye kuri television za reta, Erdogan yavuze ko ata muryango wa Islam wotegerejwe kugabanya imvyaro kandi ko ari ngombwa kuronka abana benshi.

Imigwi y'abapfasoni yari imaze imisi inebagura uwo mutegetsi wa Turkia kuko yitiranya ukuvyara abo ushobora kurera no kugambanira igihugu, ari na ko atemera uburinganire bw'abakobwa n'abahungu.