Urubanza rwa Simone Gbagbo rwatanguye uyu musi

Simone Dbagbo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Simone Gbagbo yagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu

Urubanza rwa Simone Gbagbo yagirizwa kwutubahiriza agateka ka zina muntu muri Cote d'Ivoire, rwatanguye rwatanguye muri sentare yo mu gisagara ca Abidjan.

Simone, azwi kw'izina ry'iritazirano "umupfasoni adatinya urukamvye" yarigeze guhabwa igihano co gupfungwa imyaka 20 kubera ivyo yakoze mu midurumbanyo yabaye inyuma y'amatora yo mu 2010 vyatumye habura ubuzima abantu batatu.

Iyo ntambara yahagaze inyuma y'aho umugabo wiwe, Laurent Gbagbo afatiwe na Onu hamwe n'abasirikare b'abafaransa bari bafashe mu mugongo prezida ahari ubu Alassane Ouattara.

Gbagbo yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara na sentare mpanavyaha mpuzamakungu ICC, bose bakaba bahakana ivyo bagirizwa.