Intumwa ya Misri yagirizwa kwita abanyafrika "imbwa"

Onu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ayo majambo yavugiwe mu nama y'ishirahamwe Onu

Misri ivuga ko igiye gukora amatohoza ku bivugwa ko imwe mu ntumwa zayo yise abanyafrika baba musi y'ubugaragwa bwa Sahara ko ari "imbwa n'abacakara" mu nama yariko irabera i Nairobi.

Ivyo vyashizwe ahabona n'umutegetsi w'umukenya yavuze ko Misri ikwiye kubuzwa gusubira guserukira Afrika mu biganiro ivyo ari vyo vyose.

Ariko Misri ivuga ko ata kimenyetso ko yoba yarakoresheje imvugo bagasaba ko hotangwa ibimenyetso vyemeza ivyo bivugwa.

Ivyo bishobora kuzana ukurabana ribi hagati ya Misri n'ibihugu bibanyi vyo musi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Ashira ahabona ivyo vyanditswe, umukuru w'anama k'abahinga baserukira abandi mu buserukizi bw'ibihugu vya Afrika yavuze ko ivyo vyavuzwe n'uwurongoye intumwa za Misri mu nama ya Onu yabaye mu ndwi iheze

"Hari ukutumvikana muri iyo nama inyuma y'aho bataboneye kumwe amasezerano yerekeye Gaza kubera igitiri c'abagize iryo shirahamwe kitakwiye," uko ni ko yavuze.

" Ayo majambo yavuzwe mu rurimi rw'icarabu yavuzwe ariko araganira n'uwo aserukira Misri," nk'uko Khamati abandanya abivuga.