Prince yahitanywe n'umurengera w'umuti wa opioid

Umuririmvyi Prince yitavye Imana mu kwezi kwa kane Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuririmvyi Prince yari yasavye umuganga kumukura ku miti igabanya ububabare

Ibitangazamakuru muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko umuririmvyi rurangiranwa, Prince, yahitanywe n'umuti wa opioid wamubanye ikirenga mu mubiri.

Uwo muririmvyi w'imyaka mirongo itanu n'indwi yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu kwezi kwa kane hafi y'i Minneapolis.

Abatohoza bamaze igihe baraba niba umuti mwishi yandikiwe n'abaganga woba ariwo wamuhitanye.

Umunsi umwe imbere y'uko apfa, yari yasavye umuganga w'umuhinga kumufasha kuva ku miti igabanya ububabare.

Ibipimo ku kiziga ciwe ntibirashirwa ahabona.

Opioid igira ingaruka nk'iz'ikiyovyabwenge ca opium ku mitsi yo mu mutwe.

Ibindi bisa n’ibi