Iran yamanitse umugabo afata abapfasoni ku nguvu

Hangman noose
Image caption Iran yamanitse umuntu yagirizwa gufata abapfasoni ku nguvu

Ubutegetsi bwa Iran bwishe bumanitse umuntu umwe yagirizwa gufata ku nguvu abapfasoni benshi mu gisagara ca Shiraz mu bumanuko bw'ico gihugu.

uwo muntu yiswe izina "D2.

Ariko azwi nka "Vaseline Man" ku bikorwa bibi vyiwe vyo kubomora no kwinjira mu nzu z'abantu, abafata ku nguvu hanyuma agaca abasiga amavuta mbere rimwe na rimwe akabica.

Yerekanywe na camera za CCTV hanyuma aca arafatwa, acibwa urubanza rwo gupfa bimaze kugaragara ko ari we.