Abapolisi batanu bishwe muri Afghanistan

Afghanistan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abapolisi batanu ni bo bishwe mu gitero c'abatalibani

Abapolisi batanu babuze ubuzima mu gitero c'abatalibani mu buseruko bwa Afghanistan.

Igipolisi co mu ntara ya Logar bavuze ko abantu bitwaje inkoho, barashem ku nyubakwa z'inama nshingamateka mu gisagara ca Pul-e-Alam.

Mubishwe harimwo umushikirizamanza mushasha.

Abandi bantu 19 bakomeretse.

Umugwi w'abataliban wavuze ko ari wo wagize ico gitero mu kwihora ku bwicanyi bwakozwe na reta bwahitanye abanyororo b'abatalibani mu kwezi guheze.