Igipolisi ca Kenya citeguye gukoresha inguvu ku biyerekana

Imyiyerekano yo kwiyamiriza umurwi w'amatora iNairobi, Kenya. Ifoto yo kuwa 1/06/ 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abatavuga rumwe na leta bamaze igihe baja mu myiyerekano buri munsi wa mbere

Umukuru w'igipolisi mu muji wa Nairobi, yihanangirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi kudahirahira ngo baje mw'ibarabara nimba 'bitayeho ubuzima bwabo'.

Japheth Koome yavuze ko igipolisi citeguye gukoresha 'inguvu zishobora kwica' bibaye ngombwa.

Umunya politike wo ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta James Orengo we yavuze ko imyiyerekano y'uno munsi iba ukuri kwamye kuko ata tegeko ribuza ko iba.

Abatavuga rumwe na leta bamaze igihe baja mu myiyerekano uko uwa mbere utashe, biyamiriza umurwi ujejwe gutunganya amatora bavuga ko uhengamye.

Ariko bwana Koome yavuze ati: " Nta myiyerekano, ico nico nobabwira, nimba ataco mufise mukora, muryame".

Avugana na BBC, Japheth Koome, yabwiye abafise icifuzo co kuja mu myiyerekano ati: "Nti muze, hanyuma ngo muje kuvuga ko igipolisi kibahutaza. Ubuzima ni katihabwa!, nimba rero mwitayeho ubuzima bwanyu, ntimubushire mu kaga gutyo, ahandi mukageza muribonerako"

Imyiyerekano nk'iyitezwe uyu munsi, imaze guhitana abantu batatu.

Igipolisi kivuga ko abishwe, barashwe mu kwivuna.

Uwundi wa gatatu yapfuye amaze gukomereka mu mutwe, aho yaguye ariko ariruka ahunga imyuka itrakira yategwa n'abapolisi

Mu kwezi guheze abapolisi bararezwe gukoresha inguvu zirengeye, aho bamwe bafotowe bariko bakubita abari mu myiyerekano mu muji wa Nairobi.

Urunani rutavuga rumwe na leta CORD, rushaka ko akanama kajejwe amatora gutanga imihoho imbere y'amatora y'umwaka uza

CORD ivuga ko ako kanama gahengamiye ku ruhande rw'urunani Jubilee rugizwe n'imigambwe iri mu nzego

Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto yabwiye BBC mu kwezi gushize, ko iyo myiyerekano ya buri munsi wa mbere iteye kubiri n'amategeko, kubera ko yakorwa igipolisi kitari categujwe.

Ibindi kuri iyi nkuru