Uwukekwako ibitero kuri nkino za Euro 2016, yafashwe na Ukraine

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Ifatwa rya Gregoire Moutaux n' ubwihisho bwarimwo ibirwanisho

Ibiro bijejwe iperereza muri Ukraine, bimenyesha ko umuntu afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa, yahagaritswe mu kwezi guheze, yari afise umugambi wo kugaba ibitero mu Bufaransa

Umugabo w'imyaka 25, yamenyekanye mu binyamakuru vyo mu Bufaransa kw'izina rya Gregoire Moutaux, 25, yafatiwe ku rubibe rwa Ukraine na Pologne.

Umukuru w'igipolisi kijejwe igendereza Vasyl Hrytsak, yavuze ko uwo mugabo yariko ategura ibitero bigera kuri 15, ashingiye ku vyiyumviro vyo kutihanganira abanyamahanga.

Bivugwa ko yoba yariko arategura ibitero yogavye mu gihe c'amahiganwa y'igikombe co ku mugabane wa Bulaya mu mupira w'amaguru.

Uwo mugabo ngo yafatanywe ibirwanisho vyinshi vyari mu bwihisho, harimwo inkoho zo mu bwoko butandukanye.

Ngo intumbero yari afise kwari kwerekeza ivyo bitero ku bibanza vy'aba Yahudi n'aba Islamu, n'ahandi hazoba hari ibikorwa bijanye no guhiganirwa igikombe co ku mugabane wa Bulaya.

Umukuru w'igipolisi mu karere ka Paris, Michel Cadot , yabwiye abanyamakuru ko ata kimenyetso cerekana ko ibibanza bizoberamwo izo nkino za Euro 2016 vyoba bibangamiwe.

Amakuru y'ifatwa ry'uwo mugabo yamenyekanye kuwa 21 ukwezi guheze, aho uwo mugabo yerekanywe kuri televiziyo, avurwa ko afise amamuko y'akarere ka Lorraine, mu buseruko bw'Ubufaransa.

Nta bundi bigizi bwa nabi yari azwiko.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Video y'igipolisi c'iperereza ca Ukraine yerekanye Moutaux afatwa ku rubibe na Pologne

Abategetsi b'Ubufaransa barinze umuteknao cane mu gihe ico gihugu citeguriye kwakira inkino z'igikombe c'umupira w'amaguru co ku mugabanwa wa Bulaya kuva ku munsi wa gatanu.

Perezida Francois Hollande kuw'Imana yavuze ko impungenge zihari, ariko ngo Ubufaransa buri maso.

Igipolisi ca Ukraine kijejwe ipererza kimenyesha ko cakomeje kwihweza uyo mugabo kuva mu mpera z'umwaka uheze, aho yegeranije ibiwanisho vy'ubwoko butandukanye birimwo inkoho za Kalashnikov zitanu, izindi bita 'anti-tank grenade launchers', amasasu 5,000 n'ibindi birwanisho biturika.

Igipolisi kijejwe iperereza muri Ukraine SBU, kimenyesha ko uwo mugabo yafashwe yari afitaniye imigenderanire n'umurwi urwanira mu gace ka Donetsk, aho abarwanya leta bashigikiwe n'Uburusiya bifatiye igice ca Ukraine.

Umutekano mu gihe c'igikombe ca Euro 2016

Image caption Ibibuga 10 bizokoreshwa mu nkino za Euro 2016 mu Bufaransa
  • Abapolisi 90,000 n'abandi bajejwe umutekano bakizura ibibanza biri hafi y'ibibuga
  • Paris ifise abajejwe umutekano 13,000 bazocungera ibibuga mu turere tubiri
  • Hitezwe muliyoni 7 z'abazogendera imiji 10 yo mu Bufaransa kuva Lille kugera muri Marseille.
  • Hashizweho ibihe vy'umukwabu kuva mu mwaka uheze mukwa 11, igihe abantu 130 bahitanwa n'igitero

Umuhinga mu kurwanya iterabwoba Alain Bauer avuga ko Ukraine yahindutse isoko ry'ibirwanisho kubera intambara zikomeje mu buseruko bw'ico gihugu.

Ibindi kuri iyi nkuru