Suning yaguze 70% vy'umugwi wa Inter Milan

Jindong Zhang
Image caption Jindong Zhang, arongoye ikompanyi Suning Commerce Group, ariko ararorera urukino rwariko rurahuza Inter Milan na Udinese mu kwezi kwa kane

Ikompanyi ikomeye cane ikora ivyuma vya electronique mu Bushinwa, yashize umutahe w'ibice 70% mu mugwi w'Ubutaliano, Inter Milan.

Suning izoriha amadolali imiliyoni 360, kugira umugwuzatunga akomeye cane wo mu gihugu ca Indonesia, Erick Thohir asigarane umugabane w'ibice 30 kw'ijana gusa.

Uwurongoye Suning, Zhang Jindong yavuze ko kugura uwo mugwi ari intambwe ikomeye cane kw'isoko ryo mu Bushinwa, avuga ko Ubushinwa buzoba nk'ikibanza kigira kabiri c'uwo mugwi.

Prezida w'Ubushinwa Xi Jin-ping yateye akamo umugwi nserukiragihugu w'ico gihugu ko bogira inguvu kugira nimiburiburi bazotware igikombe c'isi c'umupira w'amaguru mu 2050.