Hillary Clinton yakwije igitigiri c'amajwi y'abaserukira abandi bamushigikiye

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillary Clinton azoba abaye umugore wa mbere ashitse kuri uru rugero mu matora ya USA

Gukwiza igitigiri c'abo baserukira abandi, Hillary Clinton yabigezeko kubera abo bita 'superdelegates' 571 bafise uburenganzira bwo gushigikira uwo bashatse, bataravye umugambwe aturukamwo.

Ikigo c'itangazamakuru Associated Press mu biharuro vyaco, kimenyesha ko Hillary Clinton aca akwiza abaserukira abandi 2,383 akeneye kugirango yizigire gutorwa.

Ivyo biharuro bije mu gihe kuri uyu wa kabiri, abiyamamriza ikibanza c'umukuru w'igihugu baja guhiganwa mu ma leta atandatu arimwo California.

Hillary Clinton avuga ko n'aho abona ko ariko arababa ibihe vy'intibagiranwa mu mateka, ngo arafise ikivi imbere yiwe.

Uwo bahiganwa mu mugambwe w'aba 'Democrates', Bernie Sanders, yavuze ko bitari bikwiye guharura amajwi y'abo bita aba Surperdelegates, imbere y'uko baha amajwi yabo Hillary Clinton bakerekana ko bamushigikiye, mu matora yo mu kwezi kuza