Abimukira 320 baburiwe irengero

Abagera ku 340 barashoboye kurokoka Uwufise ububasha kw’isanamu SOLVANGER
Image caption Ubwato bwa Norvege, Clipper Hebe, bwafashije kurondera abarokotse

Ubwato bwarimwo abimukira baharurwa mu 650 bwibiye mu ndwi iheze mu kiyaga Mediterranee, hafi y'izinga rya Crete ku nkengero z'Ubugereki.

Mu bari batwawe, abagera ku 340 barashoboye kurokoka, baratabarwa.

Ubwato buto na bunini ndetse n'indege vyaragiye mu gikorwa co kurondera abo basigaye mumazi.

Ubwato bwa Norvege -Clipper Hebe, bwaciye bupakira abagera ku 200 muri abo 340 barokotse bubajana ku nkengera z'Ubutaliyano.

Abategetsi bakeka ko ubwato bwarimwo abo bantu bimukira, bwagereranywa ko bufise ubushobozi bwo gutwara abagera ku 700, bwoba bari buturutse ku nkenegra za Afrika n'ubwo bitazwi neza aho ari ho.