Intwazangabo 25 zirukanywe mu gipolisi c'Uburundi

Image caption Abapolisi birukanywe bose n'intwazangabo

Abapolisi 25 b'intwazangabo z'Uburundi bahejeje kwirukanwa mu kazi n'itegeko ry'umukuru w'igihugu.

Mu bapolisi birukanywe, harimwo abari basanzwe bamaze igihe badatonda ku mirimo.

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye, avuga ko abo ba polisi bazize amakosa atandukanye.

Avuga ko muri ayo makosa, uretse abari basanganywe ibisibo ku kazi, ngo hari n'abandi bari barungitswe kwiga hanze ntibagaruke mu gihugu.

Ku kibazo c'uko hoba hari abahanywe kubera amakosa ajanye no gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu nk'uko bikunze kuvugwa n'amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu, umuvugizi w'igipolisi avuga ko uwukoze ikosa wese abihanirwa.

Ngo ivyaha bivugwa ku gipolisi, ababivuga baba bafise indi ntumbero.