Hillary Clinton yashimiye abamushikanye ku guserukira aba Democrates

Hillary Clinton yageze ku ntambwe abandi bagore batari bwashikire mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillary Clinton amaze kuvuga ko yakwije amajwi yo guserukira aba Democrates

Mw'ijambo ya shikirije ari kwiyamamaza muri Brooklyn, Hillary Clinton yavuze ko ari intambwe y'akataraboneka ku bagore, batari bwagere na rimwe ku guserukira umugambwe ukomeye mu matora y'umukuru w'igihugu.

Hillary Clinton ivyo yabishikirije amaze gutsinda muri leta za New Jersey na New Mexico.

Yanashimagije imyiyamamazo ya mukeba wiwe Bernie Sanders, avuga ko yadugije urugero rw'iryo higanwa rya politike.

Ku ruhande rwiwe Bernie Sanders yabwiye abamushigikiye aho yari kwiyamamaza muri California ko azokomeza guharanira ijwi 'iryo ari ryo ryose' mu matora y'ibanze ya nyuma yo muri Washington DC mu ndwi iza.