Ibivurwa mu Bwongereza ku kuva muri UE

Ubwongereza buzotora kuwa 23/06/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abiyandikishiza kuja muri kamarampaka barangiza kuwa 07/06/2016

Umukuru w'umugambwe w'aba 'travaillistes' / 'Labour' mu Bwongereza, Jeremy Corbyn, n'abandi banyapolitike bo hejuru, basavye ko ikiringo co kwiyandikisha kuja muri kamarampaka congerezwa.

Ivyo babisavye inyuma y'aho urubuga rwa internet abifuza gutora biyandikishiriza ko rugiriye ibibazo imbere y'ikiringo ntarengwa carangiye mw'ijoro ryo kuwa kabiri.

Leta y'Ubwongereza ivuga ko hari abiyandikishije bagera ku miliyoni zibiri kuwa kabiri, bakavuga ko ikibazo caturutse ko benshi bahuriye kuri urwo rubuga mu mwanywa wa nyuma w'ikiringo bari bahawe.

Umushikiranganji wa mbere David Cameron n'umukuru w'umugambwe UKIP Nigel Farage, bari mu kiganiro caciye kuri tereviziyo kuri iyi kamarampaka, iteganijwe kuwa 23 z'uku kwezi.

David Cameron yongeye kwemeza ko kuva mu Bumwe bwa Bulaya bizobangamira ubutunzi bw'Ubwongereza.

Ariko Niger Farage yavuze ko abarwizatunga bagabisha ku ngaruka zo kuva muri uwo muryango, bihenze mbere, kandi bashobora kwongera kwihenda.