Stephen Keshi yitavye Imana afise imyaka 54

Stephen Keshi ashingeye afise imyaka 54 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Stephen Keshi aherejwe na perezida Goodluck urupapuro rw'agashimwe inyuma yo huhesha igikombe ca Afrika Nigeria mu 2013

Umukuru w'ishirahamwe ry'imirwi y'umupira w'amaguru muri Nigeria, amenyesha ko Afrika yabuze umwe mu bamenyereza bayo bakomeye, Stephen Keshi.

Umunya Nigeria Stephen Keshi, yitavye Imana afise imyaka 54, bikekwa ko yoba yazize ingwara y'umutima.

Uyu mugabo yigeze gutwara umurwi nserukiragihugu wa Nigeria, Keshi ari muri babiri bashoboye gushikana Nigeria ku gutwara igikombe ca Afrika c'ibihugu, rimwe nk'umukinyi ahandi naho nk'umumenyereza.

Yaranabereye umumenyereza w'imirwi ya Togo na Mali.

Icegera c'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Shehu Dikko, yavuze ko Stephen Kesh yabereye icitegererezo abanya Nigeria benshi mu gihe c'imyaka myinshi.

Abagenzi biwe bavuga ko atigeze asubira kumera neza, inyuma y'urupfu rw'umukenyezi wiwe yahitanywe na cancer mu mwaka uheze.