Inkoto yaciye umuyagankuba mu gihugu cose ca Kenya

Ifoto y'inkoto yahatswe kuraza Kenya yose mu kizime Uwufise ububasha kw’isanamu KENGEN KENYA
Image caption KenGen yatangaje ifoto y'inkoto yazimije umuyagankuba

Inkoto yakoroyeke ku cuma bita 'transforamteur' kiri hafi y'urugomero rwa Gitaru, nk'uko bimenyeshwa n'ishirahamwe rijejwe umuyagankuba muri Kenya KenGen.

Ico cuma caciye gikoroka, gituma hatakara umuyagankuba ungana na megawatts 180, mu gihugu hose umuyagankuba uracika.

KenGen imenyesha ko uwo muyagankuba wongeye kugarurwa inyuma y'amasaha ane yose, nayo inkoto ngo ntaco yabaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Inkoto yazimije umuyagankuba isa n' izivuka muri Kenya

Ivyuma vya KenGen vy'umuyagankuba mu bisanzwe birakingiye n'uruzitiro rw'amakinga arimwo umuyagankuba ubwayo, kugira babirinde ibikoko bishobora kuja kwona.

KenGen ryasavye imbabazi ku vyaraye bibaye, ryiyemeza ko rigiye kuzokingira gushasha ivyuma vyaryo.

Ikinyamakuru co kuri internet gitangaza ibijanye n'urudandazwa 'Business Daily Africa', kimenyesha ko abenshi mu badandaza bahahombeye, abishoboye bakaba bakoresheje imashini za peterori.