ONU irega Eritreya ivyaha bisinzikaza kiremwa muntu

Imirwi y'agateka ka muntu irega Eritreya kugumiza abanyagihugu basanzwe mu bikorwa vya gisirikare
Image caption Bamwe bashirwa mu gisirikare ku nguvu kandi igihe kirekire

Umurwi ujejwe amatohoza w'ishirahamwe ONU uvuga ko abanyagihugu bakorerwa amabi atandukanye arimwo kwicwa urubozo, kwicwa burundu, kunyuruzwa no gukoreshwa uburetwa.

Imirwi y'agateka ka muntu irega Eritreya kugumiza abanyagihugu basanzwe mu bikorwa vya gisirikare

Ayo mabi aregwa ubutegetsi bwa Eritreya akorerwa abanyagihugu mu ntumbero yo guter'ubwobaabanyagihugu bayo.

Abategetsi bo mu nzego zo hejuru bari mu baregwa ivyo vyaha vyo gusinzikaza kiremwa muntu.

Leta ya Eritreya irahakana ivyo vyaha, ikavuga ko ivyavuzwe bifise intumbero ya politike, bihengamye kandi bitagira ishingiro.

Umurwi ujejwe matohoza w'ishirahamwe mpuzamakungu, wasavye inama nkuru y' umuteknao ya ONU ko yoshikiriza ivyo birego, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mapanavyaha -ICC.