Urukundo rwa Muhammad kuri Afrika mu mafoto

Ali Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Muhammad Ali yarashimagizwa hose muri Afrika hose, kubera ubutwari bwiwe mu gukubitana ingumu, no muguharanira agateka k'abirabure hirya no hino kw'isi.

Muhammad Ali yarashimagizwa hose muri Afrika hose, kubera ubutwari bwiwe mu gukubitana ingumu, no muguharanira agateka k'abirabure hirya no hino kw'isi. Mu gihe azoshingurwa ejo, BBC yihweze ubucuti yari afitaniye n'uwo mugabane:

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urugendo rwiwe rwamushikanye no mu gihugu ca Nigeria, igihugu kizwi cane muri Afrika, aho isinzi ry'abantu baje kumusanganira bamuririmbira ngo " Mwami w'isi".
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urugendo rwo muri Afrika yarugize mu mwaka utazibagirwa muri kahise ka Ali- aho yatsinze Sonny Liston acaba aba uwa mbere kw'isi, aheba "izina ry'ubucangero" rya Cassius Clay, yinjira idini rya Islam.
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urugendo yagize rwamenyekanye cane ku mugabane wa Afrika n'urwo mu 1974 i Kinshasa, umugwa mukuru w'igihugu ca Zaire(Ubu ari Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo), aho yatanye mu mitwe n'umukeba wiwe George Foreman, aca asubira kuba uwa mbere kw'isi.
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urwo rukino rwatanguye isaha 04:00 z'i Kinshasa. Amakungu, n'abarorerezi 60,000 bari ku kibuga, bariboneye ingene akubita George Foreman adakozemwo, aho yaca asubirana ikibanza ca mbere mu bafise ibiro vyinshi muri urwo rukino.
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Yaragendeye Sudan mu 1988, inyuma y'imyaka ine bamaze kumutora ingwara yo wibagira ya Parkinson, aho yariko arakwiragiza ubutumwa bwa Islam nk'idini ry'amahoro. Aha yariko arasengera mu musigiti w'aba Sufi i Kharthoum.

Ibindi kuri iyi nkuru

Muri BBC