Umwigisha wa Islam akundana n'uwo basangiye igitsina

Mullah Taha
Image caption Sheikh Taha n'umwigisha w'idini rya Islam akundana n'uwo basangiye igitsina yahungiye mu gihugu ca Iran

Sheikh Taha wo mu gihugu Iran akundana n'abo basangiye igitsina yahungiye muri Turkia mu gutinyirira ubuzima bwiwe muri ico gihugu.

Taha ni umwigisha w'idini rya Islam.

'Sheikh' Taha yahora ahezagira abakundana basangiye igitsina mu mpisho ariko bitangura kunuganugwa ko nawe ari ko ameze.

Abandi basangiye umurimo wo kwigisha ididni "bamubajije igituma Sheikh yigisha idini agirana imigenderanire n'abacafuza idini ya Islam mu gukundana n'abo basangiye igitsina?"

Abandi bashatse kumugirira nabi bamwita umucafu.

"Baranteye ubwoba ko bashobora kungirira nabi" ni Taha yavuze.

N'aho Turkia ari igihugu gifise igitigiri kinini c'aba Islam, ubutegetsi bwaco nta mategeko bufise yo kubangamira abakundana basangiye igitsina.

Ubu Taha aranezerejwe n'ingene yishira akizana muri Turkia aho ashobora kwisiga no kuja mu bibanza bihuriramwo abakundana basangiye ibitsina mu gisagara ca Instanbul.

Aho yahungiye, Mullah Taha arabandanya akazi kiwe.

Iyindi mpunzi na yo nyene iva muri Iran, Ramtin, na we nyene agendana n'uwo basangiye igitsina.

Ashaka ko Taha yobahezagira n'umugenzi wiwe bakundana mw'ibanga.

"Imbere y'uyu musi nari nzi ko Mullah ari mu bantu batatwerekwa kandi batuzira cane."