Inkino za Euro 2016 ziratangura ejo

Big names in foot Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi benshi b'ibihangange baritzwe mu nkino za Euro 2016

Inkino za Euro 2016 zizotangura ejo aho igihugu c'Ubufaransa kizakira izo nkino kizotana mu mitwe na Roumania.

Imigwi izoba iri muri izo nkino zizomara imisi mirongo itatu ni 24, zikazobera ku bibuga cumi.

Abakinyi bakomeye bitezwe cane muri izo nkino n'uwa Real Madrid, yaronse ikibanza ca kabiri mu gahembo gahabwa umukinyi wa mbere akomeye kurusha abandi kw'isi Ballon d'Or, Christiano Ronaldo wa Portugal, mu gihe Gareth Bale bakina hamwe muri Espagne na we ahanzwe amaso na Pyas de Galles.

Umugwi w'Ubudagi watahukanye igikombe c'isi, bazoba bafise ibihangange nk'umunyezamu wa Bayern Munich, Manuel Neuer, umukinyi w'imbere Thomas Muller hamwe n'umukinyi wo hagati wa Real Madrid Toni Kroos.

Image caption Abafaransa bahanze amaso Paul Pgoba akina hagati muri Juventus

Abafaransa bazoba bafise umukinyi wo hagati wa Juventus, Paul Pogba, ubu aronderwa n'imigwi myinshi ikomeye.

N'ababiligi ntiboroshe, bazoba bafise Eden Hazard na Kevin de Bruyne mu gihe Suede bazoba barongowe na Zlatan Ibrahimovic.