EURO 2016: Umutekano wongerejwe i Paris

France soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibintu bibiri ni vyo bibangamiye inkino za Euro 2016: Umutekano n'imyiyerekano y'abakozi

Mu kwitegurira inkino za Euro 2016 zitangura uyu musi mu gisagara ca Paris, hafashwe ingingo zikomeye z'umutekano muri ico gisagara.

Igipolisi cakwiragiye hose kandi hongerejwe ihanahana ry'amakuru ariko abategetsi bahanganye n'ikindi kibazo gisa n'ikitari gikomeye cane.

Imyiyerekano y'abakozi yatumye haba umwanda mwinshi mu mabarabara ya Paris, bakaba biyemeje kuwukura hose imbere y'uko izo nkino zitangura.

Umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu, Alain Vidalies, yagabishije ko ashobora gutegeka ko abashoferi b'amagariyamoshi gusubira ku kazi kugira bashikane abakunzi b'umupira w'amaguru aho inkino zibera.

Ubufaransa buza gukina na Roumanie kuri Stade de France, cagizweko ibitero n'abitwaje iterabwoba batatu mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze.