Abantu barenga 900 bahagaritswe mu gihugu ca Bangladesh

Police in Bangladesh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barenga 900 bitwaza idini rya Islam bahagaritswe muri Bangladesh bakekwa kugira ibwicanyi

Igipolisi mu gihugu ca Bangladesh kivuga ko cahagaritse abantu barenga 900 mu gikorwa co kurwanya abitwaza idini rya Islam muri iri joro.

Ivyo vyakozwe inyuma y'ubwicanyi bumaze imisi bwibonekeza bw'inkehwa hamwe n'abatagira aho begamiye mu madini.

Umukozi wo mw'isengero ry'abahindu yarishwe mu ntara yo mu buraruko ya Pabna ku musi wa kane.

Mu ndwi iheze, umutama w'umupatiri w'umuhindu, umudandaza w'umukristu hamwe n'umupfasoni w'umukozi wo mu mugwi ugwanya iterabwoba barishwe.

Abategetsi ba Bangladesh bavuga ko abo bitwaza idini rya Islam bafashwe, bishimikije amatohoza y'igipolisi yagizwe ku bwicanyi burenga 40 bwaye muri iyi myaka itatu iheze.