Uganda: 13 bafashwe bagirizwa gushinga umugwi w'abagwanyi

Uganda army Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igisirikare ca Uganda kivuga ko cafashe abantu 13 bashaka gushinga umugwi w'abagwanyi

Igisirikare ca Uganda cahagaritse abantu boba bashika 13 bakekwa ko bashaka gushinga umugwi witwaje ibigwanisho.

Umuvugizi wa gisirikare yavyemeje kuri radio BBC, aho yavuze ko igisirikare kiri mu matohoza, ariko nta kindi yongeyeko.

Inkuru zivuga ko abo bafashwe harimwo umutegetsi w'abatavuga rumwe na reta hamwe n'abasirikare babiri bashinzwe ububiko bw'ibigwanisho.

Imishamirano ya politike yarongerekanye muri Uganda bivuye ku matati yakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa kabiri.

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta Kizza Besigye ari mw'ibohero yagirizwa icaha co kugambanira igihugu, inyuma y'aho avugiye ari we yatsinze amatora.