Umunye Sierra Leone yari apfungiye mu Rwanda yapfuye

Child soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Alex Tamba Brima yitavye Imana yari yciriwe gupfungwa imyaka 50 yagirijwe ivyaha 11 harimwo ico gushira abana mu gisirikare

Umuryango w'uwahoze ari umugwanyi wo muri Sierra Leone yari yaciriwe gupfungwa imyaka 50 mu gihugu c'urwanda azira ivyaha vyo mu ntambara uvuga ko yitavye Imana.

Umupfasoni wa Alex Tamba Brima, Margeret, yavuze ko yari iruhande yiwe igihe yasandaba ku musi wa kane mu bitaro vy'i Kigali.

Brima, yari azwi nka "Gullit" yari umetegetsi wo hejuru wa Armed Forces Revolutionary Council watembagaje ubutegetsi bwa reta ya Sierra Leone mu 1997, Yaciriwe urubanza mu 2003 na sentare idasanzwe yashinzwe gukurikirana abagize uruhara mu ntambara yo muri ico gihugu gifise ubutunzi bwinshi bwa Diamant, yahitanye ubuzima bw'abantu ibihumbi amajan atanu.

Brima yahamijwe ivyaha 11, harimwo ivyo iterabwoba, ubwicanyi, gufata abakenyezi ku nguvu hamwe n'ivyo gushira abana mu gisirikare.