Ingabo za Libya zambuye umuji wa Sirte umurwi IS.

Ingabo za leta ya Libya ishigikiwe na ONU zambuye IS umuji wa Sirte biciye mu ntambara zikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuji wa Sirte uri ku nkengera z'amazi

Ingabo za Libya ziyoboka leta y'i Tripoli zemeza ko zisubije umuji wa Sirte uri ku nkengera z'amazi ziwukuye mu minwe y'abarwanyi b'umurwi Islamic State -IS.

Intambara zabohoje Sirte zatanguye kuva mu kwezi guheze.

Sirte cari nk'icicaro ca mbere gikomeye cari mu minwe ya IS, hanze ya Iraq na Syria.

Ingabo zirwanira leta ishigikiwe n'ishirahamwe mpuzakungu ONU, zigizwe ahanini n'abarwanyi baturuka mu muji wa Masrata mu burengero bwa Libya.

Umuvugizi w'izo ngabo, General Muhammad al-Ghusri, yavuze ko abayobozi bakuru ba IS bahungiye mu bugararwa mu bumanuko bw'igihugu, ariko ngw'abarwanyi babo benshi bafatiranywe aho muri Sirte aho intambara zikibandanya.