Perezida Francois Hollande arashima intango ya Euro2016

Ubufaransa 2-1 Roumania Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urukino rwatanguriye izindi kuri Stade de France: Ubufaransa 2-1 Roumania

Perezida Francois Hollande yashimiye abunguruza abantu n'abajejwe gucungera umutekano mu muji wa Paris, avuga ko intango y'inkino zo guhiganirwa igikombe co ku mugabane wa Bulaya yagenze neza .

Igipolisi cagiye ku bwinshi gucungera umutekano mu gihe c'urukino rwugururiye izindi, ku kibuga c'i Paris, Stade de France, aho Ubufaransa bwatsindiye Roumanie bibiri ku busa.

Kuri ico kibuga niho habereye igitero cakozwe n'abiyitirira idini rya Islamu cahitanye abantu benshi mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.

Mu muji wa Marseilles, abapolisi bajejwe guhosha imigumuko barinze gukoresha imyuka irakira kugirango babanguranye abafana b'Abongereza batanye mu mitwe n'abo Uburusiya, aho imirwi yabo iza guhura uyu munsi.

Mu yindi mirwi ihura uyu munsi, Pays des Gales ikina na Slovakia, Ubuswise buhure na Albania.