Akaguma mu bafana b'imirwi ya Euro2016

Imishamirano mu bafana b'imirwi y' Ubwongeerza, Uburusiya n'Ubufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu Other
Image caption Igipolisi c'Ubufaransa cakoresheje imyuka irakira

Umukuru w'igipolisi ca Marseille, Laurent Nunez, yavuze ko igipolisi vyabaye ngombwa ko kija hagati y'abafana b'imirwi y'Ubwongereza, Ubufaransa n'Uburusiya mu karere ka Old Port.

Abafana batari munsi ya babiri bakomeretse, abandi batatu babonetse batabwa muri yompi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bamwe mu bafana bakomertetse

Bamwe bajanywe kuvuzwa aho bakomeretse.

Abategetsi biteze ko ibintu bishobora no kurusha aho mu mishamirano y'abafana, naburya abashigikiye imirwi y'Uburusiya n'Ubwongereza bitezwe kwuzura umuji imbere y'uko imirwi y'ivyo bihugu ihura mu rukino rwo kuri uyu mugoroba.