Uwishe Christina Grimmie yaturutse he?

Christina Grimmie yariko asinyira umukono abakunzi biwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Christina Grimmie yarashwe ahejeje kuremesha igiteramo

Umukuru w'igipolisi co mumuji wa Orlando, John Mina, yavuze ko uwo muntu ataramenyekana izina yoba yaje aturuka mu wundi muji.

Igipolisi kivuga ko vyasa nk'aho nyene kurasa atari azi neza uwo arondera, ngo birashoboka ko yoba yari afise akabazo mu mutwe.

Christina Grimmie yarashwe ariko asinyira abakunzi biwe bariko bamusaba umukono aho yari ahejeje kuremesha igiteramo.

Igipolisi cashimiye musazawe, yarwanye na nyene kwica uwo muririnvyikazi, agakingira abari ku ruhande, aho nyene kurasa yaciye yiyica we nyene.

Abantu benshi bakoresha imbuga za internet barungitse ubutumwa bwo guhoza no kugaragaza umubabaro batewe n'urupfu rw'uwo muririnvyi.

Abajejwe gutunganya igiteramo, "The voice", cerekanwa kuri tereviziyo, gihuza mw'ihiganwa abafise ingabirano zo kuririmba muri Amerika, nabo barungitse ubutumwa kuri tweeter, bavuga ko babuze umuntu w'umutima mwiza n'ijwi ry'igitangaza.