Uwishe abantu 50 i Florida yayoboka IS?

Omar Mateen yoba yayoboka IS Uwufise ububasha kw’isanamu CBS news
Image caption Ibiro vya Obma vyahojeje abauriye Orlando

Ibinyamakuru vyo muri Amerika bitangaza ko uwagavye igitero cahitanye abantu 50 abandi nk'abo bagakomereka azwi kw'izina rya Omar Mateen, abaka afise ubwenegihugu bwa Amerika.

Omar Mateen w'imyaka 29, yari afise inkoho irekura amasasu menshi carimwe n'iyindi mu minwe, igihe yirara mu bari mu nzu y' ubutambiro ikunze kugenedrwa n'avakundana n'abo basamgiye igitsina.

Uretse abagera ku 50 bapfuye, abandi 53 bakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye vyo hafi ya Orlando.

Uyu mugabo yari yafashe ingwati abandi bagera ku 30, imbere yo kurasana n'abapolisi

Uwufise ububasha kw’isanamu ORLANDO POLICE
Image caption Omar Mateen yabanje kurasa n'abapolisi

Umwe muri abo bapolisi yashoboye kurokoka kubera yakingiwe n'inkofero yari yambaye

Tereviziyo ya Amerika NBC, yavuze ko Mateen yari yahamagaye nimero ya terefone ikoreshwa n'abashaka ubutabazi, arahira kuyoboka umurwi IS.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu Barack Obama vyatangaje ko vyifatanije n'imiryango yabuze.

Hashizweho amategeko y'umukwabu mu gisagara ca Orlando.

Ibindi kuri iyi nkuru