Trump: Aba Islam ntibakinjire muri Amerika

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump asaba ko aba Islam batoronswa uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika

Uwuzitoza mu kibanza ca Prezida wa Amerika mu ba republicains, Donald Trump, yavuze ko ubwicanyi bw'abantu 50 mu nzu y'ubunywero y'abakundana basangiye igitsina mu gisagara ca Orlando, buje gushigikira iciyumviro ciwe ko co kubuza aba Islam kwinjira muri Amerika.

Trumo yanebaguye uwo bazohangana muri ayo matora, umupfasoni Hillary Clinton wo mu mugambwe w'abademocrates, ko adashaka kubona icatumye uwo muntu amara abantu.

Ku ruhande rwa Clinton, ariko arahoza imiryango yabuze, yanebaguye Trump ku kungene akoresha ibwo bwicanyi mu kwishima wenyene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Trump avuga ko hakwiye gufatwa ingingo ruhasha kuba Islam

Muri ico gihe nyene, ikigo kijejwe iperereza ca FBI cavuze ko umuntu yishe abantu 50 abarashe mu kabare k'abakundana basangiye igitsina, yari ashigikiye umugwi wa Islamic State.

FBI yavuze kandi ko bari bamaze imisi bagira amatohoza kuri uywo Omar Mateen kuva mu 2013, inyuma y'aho avugiye amajambo abiba urwanko ku kazi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abantu 50 ni bo bishwe mu bunywero bw'abakundana basangiye igitsina mu gisagara ca Orlando

Se wiwe yavuze ko ivyo umwana wiwe yakoze vyatewe n'ivyo yibaza kubakundana basangiye igitsina bitavuye kw'idini.

Na yo uwahoze ari umugore wiwe, Sitora Yusufiy, yavuze ko yari umuntu afise ingeso yo kugwana no gushaka gukubita abantu, ariko ko ata vy'iyumviro vy'iterabwoba yari afise.